BUREAU DE LA COORDINATION
DIOCÉSAINE DE L’APOSTOLAT DES LAÏCS
ARCHIDIOCÈSE DE BUJUMBURA
B.P. 690 BUJUMBURA
Tél : 22 23 79 22
AMATEGEKO NGENDERWAKO Y’INAMA-MPUZAMIHARI N’IMIRWI MU MAPARUWASE YOSE
AGIZE DIYOSEZE NKURU YA BUJUMBURA
0. IJAMBO RY’INTANGAMARARA.
Mu maparuwase
yose agize Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, turafise imihari y’ubutumwa gatolika, imirwi y’ugusenga n’ukumenyesha Inkuru nziza, n’iyindi mirwi irangura ubutumwa bwemewe kandi buzwi muri Diyoseze
(Uturorero : abakorezi, abatambiramana, abiyerekamana, abasangizi,…). Ubwo butumwa bwose burangurirwa muri Ekleziya, bukomoka ku Mana Data, yo yarungitse Umwana wayo w’ikinege ngo
amenyeshe yongere yigishe zina muntu wese Ubwami bw’ijuru. Muri ico gikorwa yashinzwe na Mana Se, yaritoreye abigishwa biwe icumi na babiri, agirako arabatuma kubandanya uwo mugambi w’Imana. (Mt
28, 19-20). Yarahejeje adusigarana Ekleziya itunganijwe neza, aho uwabatijwe wese akaronka n’Ikomfirmasiyo, afise uruhara ntasubirizwa muri ubwo butumwa, atumwe n’abakuru b’Ekleziya :
Umwepiskopi n’abasaserdoti bo muri paruwase.
Nkuko tubizi,
umuhari canke umurwi wose urafise akarangamutima kawo bwite kuko : « Hariho ubwoko bwinshi bw’imgabirano, mugabo Mutima akaba umwe; hariho ubwoko bwinshi bw’imirimo mugabo Umukama
akaba umwe; hariho ubwoko bwinshi bw’imirimo mugabo Imana ikaba imwe, yo ikora vyose muri bose » 1Co 12, 4-7. Umuhari canke umurwi wose urafise kandi n’indinganizo wiharije. Yamara iyo
mihari n’imirwi yose irahurira mu rwego ruyirongoye, « Inama mpuzamihari n’imirwi » twita mu rurimi rw’igifaransa
« Coordination ».
§ Coordination rero ifise ubutumwa bwo guhuza imirwi n’imihari kugira ngo ikorere
hamwe ibikorwa bimwe bimwe bikuza abanyamihari n’imirwi mu kwemera, mu bweranda, mu ndero no mu gukunda Ekleziya.
§ Coordination ifise kandi ubutumwa bwo gukomeza ubumwe bw’ukuri hagati y’imihari
n’imirwi yose.
§ Nkuko iryo zina ribivuga, urwo rwego nirwo rufasha imihari n’imirwi yose kuja
hamwe ngo irangure kandi ishire mu ngiro imigambi yose n’ubutumwa bwose busabwa na paruwase, ivyo bakabigira bisunga ijambo rya Yezu Kristu aho
agira ati : « Ese bose boba umwe » (Jn 17, 20-23). Paulo nawe ati : « Nkuko umubiri ari umwe ukagira ingingo nyinshi, nazo zikagira umubiri umwe naho ari
nyinshi, niko na Kristu ameze nawe ». 1Co 12, 12. Niko na Coordination imeze kandi niko ikora. Gurtyo imihari n’imirwi yose
ikarangurira ubutumwa muri Paruwase kandi ikaba inkingi paruwase yubakiweko. Nico gituma paruwase itegerezwa kumenya imihari n’imirwi yose irangurira ubutumwa mw’i paruwase ikongera ikamenya
n’indinganizo n’ibikorwa vyayo.
Kuva ubu rero,
Inama-mpuzamihari n’imirwi yose yo muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura mu maparuwase yose igiye kugengwa
n’izi ngingo zikurikira.
Aya mategeko
agenga Coordination agizwe n’ibigabane bikurubikuru bitanu:
I. URWEGO RWA COORDINATION ICO ARI CO N’INGENE RUTORWA
II. IMIGENDERANIRA YA COORDINATION NA PARUWASE
III. IBIKORWA VYA COORDINATION
IV. IBIHANO
V. UGUSOZERA : IBINDI BIBAZO
IKIGABANE CA I: URWEGO MPUZAMIHARI N’IMIRWI ICO ARI CO N’INGENE RUTORWA.
Ingingo ya 1: Urwego mpuzamihari n’imirwi ico ari co.
Inama mpuzamihari n’imirwi ni urwego mpanuzwajambo rufashanya n’umusaserdoti ajejwe imihari n’imiwi
mu gutunganya ubutumwa bwose bwerekeye imihari n’imirwi muri paruwase.
Ingingo ya 2: Umurwi canke umuhari wose wemerewe gukorera muri paruwase urarungika umukuru wawo, uwuri muri komite canke
uwundi muntu w’umwizigirwa yatowe n’inama ya bose, ngo aje kuwuserukira mu rwego rwa Coordination.
Ingingo ya 3: Umuntu ari mu rwego rwa Coordination mu yindi paruwase canke ari mu rwego rw’Inama nkuru ya paruwase y’ahandi
ntaja mu rwego mpuzamihari n’imirwi rwa paruwase.
Ingingo ya 4: Umuntu ari mu Nama nkuru ya paruwase ntaja muri Bureau ya Coordination (Urwego nyobozi); ariko arashobora
kuja mu rwego rukuru rwa Coordination (Inama ya bose).
Ingingo ya 5: Inzego zigize Coordination.
Coordination igizwe n’inzego zibiri:
1. Urwego rukuru rwa Coordination: ni inama ya bose. Igizwe
n’abatowe guserukira imirwi canke imihari bose, bakarungikwa muri Coordination. Nibo bagize, ata n’umwe avuyemwo, urwego rukuru rwa Coordination. Nirwo rwego rufatirwamwo ingingo. Baraheza
bagatora “Urwego nyobozi”.
2. Urwego nyobozi/Ibiro vya Coordination (Inama
nshingwabikorwa). Rugizwe n’aba bakurikira:
i. Abatorwa mu nama ya bose:
a. Umukuru (Coordinateur)
b. Icegera ciwe
c. Umunyamabanga
d. Umunyabigega
e. Uwujejwe indero akaba n’umuhanuzi.
Aba bose uko ari batanu bategerezwa gutorwa n’Inama ya bose kandi boba ari abizigirwa, abantu
babikwiye vy’ukuri.
M.N.: - Aho bikenewe hotorwa babiri babiri: umukuru n’icegera.
- Naho bitanditswe
ko umusaserdoti ajejwe ubutumwa bw’imihari n’imirwi arimwo mu rwego rwa Coordination, niwe arubazwa ubwa mbere; nta na kimwe Coordination
irangura itamubajije, atavyemeje, batari kumwe.
ii. Abiyongerako :
Kuri aba batanu hiyongerako:
· Uwuserukira abaririmbiramana (uwutwara Commission y’ama-chorales). Uyu atorwa n’abaserukiye ama-chorales ay’abakuze n’ayurwaruka bagiye hamwe.
· Uwuserukira imihari n’iyindi mirwi yose -havuyemwo ama-chorales- (uwutwara Commision jeunesse et
mouvements). Uyu atorwa n’abaserukiye imihari n’imirwi.
· Mu maparuwase hari Renouveau Charismatique Catholique, hategerezwa kuba abantu babiri (2)
bayiserukira muri Bureau ya Coordination. Abo nabo batorwa n’umwungere wa RCC (Berger paroissial) abanje kuja inama n’abandi ba-bergers b’amafraternités yose.
Bose hamwe ni aba :
a. Umukuru
b. Icegera ciwe
c. Umunyamabanga
d. Umunyabigega
e. Uwujejwe indero akongera akaba n’umuhanuzi
f. Uwuserukira ama-chorales
g. Uwuserukira imirwi n’imihari
h. Abantu babiri baserukira Renouveau Charismatique Catholique (aho imaze gushika)
Abo bantu uko ari icenda (9) canke icumi na babiri (12 : ahatowe babiri babiri -umukuru
n’icegera- kuko bikenewe, barabongerako) nibo bagize Ibiro vya Coordination.
Ingingo ya 6: Ikiringo c’inzego zigize Coordination.
Inzego za Coordination zimara ikiringo c’imyaka ibiri (mandat de 2ans); ico kiringo gishobora
kwisubiriza rimwe gusa.
Ingingo ya 7: Ibisabwa k’uwitoza mu kibanza ca Coordinateur.
1. Umuntu wese yarungitswe mu rwego rwa Coordination arafise uburenganzira n’ubushobozi bwo gutora no kwitoza mu kibanza ico ari co cose kiretse mu kibanza c’Umukuru w’Urwego nyobozi rwa
Coordination (Coordinateur).
2. Uwokwitoza mu kibanza ca Coordinateur ategerezwa kuba akwije ibi bisabwa:
a. Kuba azwi neza kw’ari umukristu w’ibanga, w’akarorero, w’indero, akunda Ekleziya n’abungere bayo, akaba yitanga bimwe biboneka mu butumwa asanzwe ajejwe.
b. Kuba azi neza n’imiburiburi umuhari canke umurwi arimwo. Ni ukuvuga ko ari uwitaba amanama n’ibikorwa vy’umuhari canke umurwi.
c. Kuba abishaka kandi ashobora guhebera umwanya ubwo butumwa.
d. Kuba aba muri paruwase akanahasengera mu kiringo cose c’amabanga yiwe. Yoba amaze
n’imiburiburi imyaka ibiri akorera ubutumwa mw’i paruwase.
e. Kuba afise imyaka ingana canke irenga imirongo ibiri n’umwe (21ans).
f. Kuba adasanzwe afise amabanga menshi muri paruwase.
g. Kuba ari incabwenge n’inkerebutsi: ivyo bikemezwa n’urupapuro rw’umutsindo urwo ari rwo rwose (Diplôme canke Certificat). Ategerezwa kuba avuga neza ikirundi n’igifaransa; kumenya izindi
ndimi vyoba vyiza kuruta. Coordinateur yoba ashobora gushikiriza ivyegeranyo, mu mvugo no mu nyandiko, vy’amanama yose yagiyemwo. (Niho tugeze, nivyo ibihe vya none bidusaba.)
h. Mu maparuwase bidakunda ko haboneka uwoba akwije ibi bisabwe kuri aka gace ka g, hokwisungwa utu tundi duce tuvuzwe aho hejuru. Kuko ni ntabanduka.
Ingingo ya 8:
1. Uwushaka kwitoza mu kibanza ca Coordinateur, ategerezwa kubimenyesha mw’ikete uwusanzwe arongoye Coordination ukwezi imbere yuko amatora aba. Ico kiringo co kwakira abashaka kwitoza
giheze, Coordinateur ari kumwe n’Umusaserditi ajejwe ubutumwa bw’imirwi n’imihari baratumira abagize ibiro vya Coordination nu nama yo gushira ahabona urutonde rw’abipfuje kwitoza kandi ngo
barabe ko bakwije ibisabwa n’amategeko. Birakenewe cane ko amazina yabo yotangazwa mw’isengero canke akamanikwa ku biro vya paruwase mu kiringo c’indwi zibiri. Inyuma y’ivyo,
ataco babavuzeko co kubanegura (abakristu, abanyamihari, Inama nkuru ya paruwase) boca bemeze ico cipfuzo cabo.
Umukuru wa Coordination yahahora araheza rero akandika yishura uwo wese yamwandikiye ko
bamwemereye kwitoza canke ko bamwankiye. Ayo makete ategerezwa kuba yashikiriye bene yo imisi ibiri imbere yuko amatora aba. Abasaserdoti bose ba paruwase bararonswa nabo nyene iryo kete.
2. Mu gihe habuze numwe yandika asaba kwitoza, umwe wese aca atora mw’ibanga, mu banyamihari n’imirwi baje mu matora, uwo yibaza kandi abona ko akwije ibisabwa ku witoza mu kibanza ca
Coordinateur. Soma ingingo ya 7, agace 1 na 2.
Ingingo ya
9:
1. Amatora ategurwa n’abagize Ibiro vya Coordination. Hategerezwa kuba hitavye
abanyamihari n’imirwi bagera kuri bibiri vya bitatu (2/3) vy’igitigiri c’abitezwe muri
iyo nama. Mu gutora barandika. Hatorwa uwarushije abandi amajwi.
2. Ku musi w’amatora, umusaserdoti ajejwe imirwi n’imihari y’ubutumwa muri
paruwase niho abwirizwa kuba ari. Iyo sango barayumvikana
nawe.
3. Amatora arangiye, uwabaye uwambere mu majwi aca aba umukuru,
uwabaye uwakabiri nawe icegera.
4. Barasubira bagatora umunyamabanga, umunyabigega, uwujejwe indero
akongera akaba umuhanuzi; nabo nyene ni ababaye abambere mu majwi. Ni ukuvuga yuko amatora aba incuro
zine.
5. Ayo mazina, umusaserdoti ajejwe imihari n’imirwi aca
ayashikiriza Patiri mukuru kugira ngo ayemeze nawe abahe ubutumwa (mandat
apostolique)
6. Abatowe bamaze kwemezwa na Patiri mukuru boca bandikwa mu gitabo
c’Inama mpuzamihari
n’imirwi ya paruwase. Urutonde rwabo rukarungikwa mu biro vya diyoseze bijejwe ubutumwa
bw’abalayike (CDAL).
Ingingo ya 10: Abagize ibiro vya Coordination barashobora gusubira kwitoza mu
matora akurikira. Ariko mu kiringo kigira gatatu, ntibabirekuriwe.
.
IKIGABANE CA II: IMIGENDERANIRE YA COORDINATION N’IZINDI NZEGO ZA
PARUWASE
Ingingo ya 11: Abasaserdoti ba
paruwase nibo bemeza icese abagize Ibiro vya
Coordination.
Ingingo ya
12: Umukuru w’Urwego nyobozi rwa Coordination (Coordinateur)
aca aronka ikibanza mu
Nama nkuru ya paruwase, agaserukira imihari n’imirwi
yose. Ni we ashikana mu nzego za Coordination uko ari zibiri imigabo
n’imigambi yose y’Inama nkuru ya paruwase. Ni we afatanya kandi agahuza
Coordination na Conseil paroissial.
Ingingo ya 13: Ibikorwa vyose Coordination yipfuza gukora, imaze kubitunganya neza, irabishikiriza Umusaserdoti ajejwe
imihari n’imirwi; nawe akavyiga neza, agaheza akabaha canke akabima uruhusha rwo kubikora. Abimye uruhusha yobasigurira igituma n’ineza irimwo.
Abagize ibiro vya Coordination nibo bakorana n’abasaserdoti igihe cose haba hari ubutumwa kw’i
paruwase Coordination ihamagariwe gukora.
IKIGABANE CA III: UBUTUMWA N’IBIKORWA VYA COORDINATION.
Kubera ko ubwo butumwa ari ubwa Kristu n’ubwa Ekleziya yiwe, abagize Coordination baburangura
bafadikanije n’Umusaserdoti ajejwe ubutumwa bw’imihari n’imirwi, bakabigirana umutima rukristu, atagukebana, bisunze muri vyose amategeko y’Ekleziya n’ingabirano umw’umwe yahawe na Mutima
Mweranda w’Imana.
Ingingo ya 14: Urwego rwa Coordination rugira urutonde rw’imirwi n’imihari irangurira ubutumwa mw’i paruwase rukongera
rugakurukirana ibikorwa vyose iyo mirwi n’imihari ikora.
Ingingo ya 15: Coordination itegerezwa gusuzuma ko imihari n’imirwi yose ifise amategeko ayigenga.
Ingingo ya 16:
1. Urwego rwa Coordination nirwo rwiga ingorane zose ziri hagati y’imihari n’imirwi irangurira ubutumwa mw’i paruwase.
2. Coordination irafasha mu gutora umuti w’izo ngorane mu gihe bayituye. Vyongeye ntiba sindabibazwa mu gihe ibintu bigenda bimera nabi. Binaniranye, umuti utabonetse, Coordination
irabimenyesha Umusaserdoti ajejwe imirwi n’imihari; nawe agaheza akabimenyesha Patiri mukuru wa paruwase be n’Inama nkuru ya paruwase.
Ingingo ya 17: Coordination yegeranya indinganizo y’ibikorwa vyose imihari n’imirwi itegekanya mu mezi atatu ari imbere,
aho bishoboka bagatanga ibitegekanijwe ku kiringo c’umwaka wose. Ivyo iraheza ikabishikiriza umusaserdoti ajejwe ubutumwa bw’imihari n’imirwi mw’i paruwase.
Ingingo ya 18: Urwego rwa Coordination nirwo rutegura neza Umusi mukuru wa Kristu Mwami. Rurahimiriza imihari n’imirwi yose
gukora ibikenewe vyose ngo uyo Musi mukuru uze ugende neza. Aho bishoboka, botunganya igiteramo ca Kristu-Mwami. Umurwi n’umuhari wose uratanga, muri Coordination, imbere gato
y’uwo Musi mukuru, icegeranyo c’ibikorwa waranguye; Coordination nayo igatanga icegeranyo c’ivyo yaranguye n’ivyaranguwe n’iyo mirwi n’imihari yose muri ico kiringo nyene.
Ingingo ya 19: Coordination irafise n’ubutumwa bwo gukomeza imigenderanire n’ubucuti n’umwe umwe mu mihari n’imirwi yo mw’i
paruwase hamwe rero n’ama-Coordinations yo mu yandi maparuwase.
IVYO UMWE UMWE AJEJWE
A. IBIRO VYA COORDINATION
Ingingo ya 20: Umukuru wa Coordination
· Niwe aserukira Coordination mu Nama nkuru ya paruwase akaba ariwe arongora urwego nyobozi.
· Niwe ategura, ari kumwe n’abagize urwego nyobozi bose, n’umusaserdoti ajejwe imihari n’imirwi muri paruwase,
ivyihwezwa mu nama ya bose.
· Niwe arongora amakoraniro y’inama ya bose n’ay’urwego nyobozi.
· Niwe aserukira coordination mu Nama nkuru ya paruwase
· Iyo hari ingorane zadutse mu mihari n’imirwi, inama ya bose irakorana igaha uburenganzira Umukuru w’urwego
rwa Coordination bwo gufata ingingo zose zibereye yisunze ivyavuye mu nama ya bose.
Ingingo ya 21: Icegera c’Umukuru w’urwego rwa Coordination afasha Umukuru
w’urwo rwego rwa Coordination, akamusubirira mu gihe yafatiriwe.
Ingingo ya 22: Umunyamabanga ajejwe:
· Gushikiriza mu ntango y’inama ya bose y’urwego rwa Coordination icegeranyo c’inama iheruka, kikemezwa
n’urwego rwa Coordination.
· Gufata icegeranyo c’amanama yose y’urwego rwa Coordination
· Gutanga ikirangamisi c’inama n’ibikorwa vya Coordination vyimirije be no gushingura neza ivyegeranyo vyose
biva mu ma nama.
· Kugira urutonde rw’abitavye inama.
· Bikenewe, niwe atumako, abanje kuja inama na Coordinateur, abagize ibiro vya Coordination; arandika
invitation canke akabicisha mw’isengero, hasigaye indwi zitari munsi ya zibiri ngo inama ibe.
Ingingo ya 23: Umunyabigega ajejwe:
· Kwegeranya intererano y’imirwi n’imihari
· Kwibutsa mu mirwi n’imihari yose ko hageze gutanga agatererano
· Kwandika mu gitabu cabigenewe (registre) amafaranga yinjira n’ayasohoka mu kigega ca paruwase.
·
Kubika neza impapuro zemeza-zerekana ingene ikigega cifashe.
·
Gutanga ku kwezi ku kwezi mu rwego rwa Coordination icegeranyo cerekana ingene
ikigega cifashe.
·
Gushingura amafaranga ya coordination ahantu hazwi kandi humvikanyweko n’abarongoye paruwase. Nta
sohoka butunzi bw’urwego rwa Coordination busohoka batavyumvikanyeko n’umukuru n’icegera c’urwo rwego. Ku mpapuro zo gusohora amafaranga hategerezwa kujako umukono w’Umukuru wa Coordination hamwe
n’umunyabigega.
Ingingo ya 24: Umuhanuzi
1. Ashinzwe igikorwa co gukebura, kwibutsa no guterera ivyiyumviro urwego nyobozi (Ibiro) rwo kwisunga mu mabanga yarwo ku neza y’imihari n’imirwi yose igize paruwase.
2. Niwe kandi araba ko Coordination ikora ivyo yiyemeje gukora vyose kandi ko vyose bigenda neza. Aritwararika gutorera umuti ingorane zose zijanye n’indero mu bagize Coordination bose na cane cane imihari n’imirwi.
Ingingo ya 25: Uwuserukira amachorales muri Coordination
1. Uwujejwe abaririmbiramana niwe akoranya abakuru b’ama-chorales bose bakaringaniza ibikorwa vyose basabwa na paruwase. Muri ico gikorwa, akorana n’abasaserdoti kuko aribo bajejwe ubwa
mbere indinganizo ya liturjiya (amasabamana):
a. Ukuririmba imisa mu bihe bimwe bimwe (akarorero: mariage)
b. Ukuririmbira hamwe mu bihe bimwe bimwe. Niwe kandi yama hafi mu kwibutsa ama-chorales, aciye ku bakuru bayo, ubutumwa bwa chorale mu Nkuka ya misa : ugufasha abakristu gusenga
neza, bisunze iri jambo rya Augustino mweranda aho agira ati : « Uwuririmvye neza aba asenze kabiri »
2. Niwe, ari kumwe n’abasaserdoti, akurikiranira hafi akongera akaraba ko ama-chorales aririmba indirimbo zemewe n’Ekleziya gatolika, kandi ko izo ndirimbo zisunga ibisomwa vy’uwo musi,
akongera akaraba ko ama-chorales agira inyifato ibereye mu ngoro y’Imana (inyambaro, indero, gusamara, kuvuga mu misa…)
3. Aratumirira ama-chorales kuririmba indirimbo zizwi n’abakristu, no mu gihe bishoboka, kwigisha abakristu indirimbo nshasha iminota icumi (10min) imbere yuko Inkuka ya misa
itangura.
M.N. : Urutonde rw’indirimbo (cane cane ku Misi mikuru ihambaye cane : Noël,
Umwaka mushasha, Pasika, Iyurira mw’ijuru rya Yezu, Pentekoti, Isakramentu ryeranda, Iyurizwa mw’Ijuru rya Bikira Mariya, Umusi mukuru w’Aberanda bose, Kristu Mwami) eka no ku Misi mikuru
paruwase yisangije, urutonde rw’indirimbo rwemezwa na paruwase, ni ukuvuga abasaserdoti.
Ingingo ya 26 : Uwuserukira imirwi n’imihari
Niwe atororokanya ibirangamisi vy’ibikorwa vy’imihari n’imirwi yose akabishikiriza Coordination.
Bishobotse ivyo yobigira rimwe mu mwaka canke uko ameze atatu aheze.
Ingingo ya 27 : Abaserukira Renouveau Charismatique Catholique.
Aho uyu murwi uri, abawuserukira muri Bureau ya Coordination nibo bakurikirana ingene
ama-fraternités akorana. Ivyo babikora bari kumwe na Berger paroissial. Barongera kandi bakegeranya urutonde rw’ibikorwa vy’ayo ma-fraternités yose (programmes) bakarushikiriza Coordination,
kugira imenye ubutumwa barangura.
B. AMANAMA :
Ingingo ya 28 :
1. Inama ya bose ikorana rimwe mu mezi atatu (itumweko n’umukuru wa Coordination, icegera iyo umukuru yafatiriwe canke abarongoye paruwase) mu nama zayo zisanzwe. Mugabo
irashobora gukorana mu nama zidasanzwe mu gihe hari ikibazo cihutirwa. Muri iyo nama
barabira hamwe ingene ubutumwa buriko buragenda. Inama yoba irimwo ibi :
a. Gushikiriza icegeranyo c’ivyavuzwe mu nama iheruka
b. Gushikiriza ibivugwa uyo musi
c. Utuntu n’utundi.
2. Abagize ibiro vya Coordination nabo bakorana rimwe mu kwezi, mu ma nama asanzwe.
3. Bikenewe, patiri ajejwe imihari n’imirwi muri paruwase, canke umukuru wa Coordination arashobora gukoranya ibiro vya coordination mu manama adasanzwe kandi kenshi (iya bose, n’iya bureau)
mu gihe cose bikenewe ni ukuvuga iyo habonetse ivyigwa vyihutirwa.
4. Amanama yose akorana igihe igitigiri c’abatumire kingana canke kirenga bibiri vya bitatu (2/3) kandi ntizorenza amasaha atatu. Batabonetse, baratumako inama ikurikira, igakorana abayigize
bashitse mirongo itanu kw’ijana. (50%)
C. UBURYO:
Ingingo ya 29: Urwego rwa Coordination rurakeneye uburyo bw’amafaranga rukoresha. Abanyamihari n’abanyamirwi yose
barasabwa gutanga intererano. Umuhari canke umurwi utegerezwa gutanga agatererano kangana amafaranga amajana atanu (500 francs Bu), buri kwezi. Canke naho umuhari n’umurwi wose ugatangira
umw’umwe amafaranga bumvikanyeko buri kwezi. Ayo mahera arangana kuri bose.
Ingingo ya 30: Umurwi canke umuhari udaterera mu kigega ca Coordination, hakarenga amezi atatu, ata mvo izwi kandi
yumvikana itanzwe, ntuharurwa muri urwo rwego. Uba wikuyemwo.s
D. IMISI MIKURU N’IBIBANZA.
Ingingo ya 31: Umuhari canke umurwi ugira umunsi mukuru kw’igenekerezo wonyene witoreye. Baratumira abo bashaka bose. Ariko
kandi bamaze gushing isango ntabanduka, bategerezwa gutumira Ibiro vya Coordination, navyo bikarungika uwubiserukira; kandi barasaba uruhusha, mw’ikete, abarongoye paruwase, bakanabatumira muri
uwo musi mukuru.
Ingingo ya 32: Mu Nkuka ya misa yo ku Misi mikuru yose y’Ekleziya, abanyamihari basabwa, mbere bategerezwa kuzana
amabendera yabo, bakambara n’ibibaranga vyose.
Ingingo ya 33: Ku Musi mukuru wa Kristu Mwami, imihari n’imiwi yose itegerezwa guseruka yose. Yisunga indinganizo
n’urutonde bahawe na Coordination. Inkuka ya misa iheze, bose bahurira hamwe mu kibanza bateguriwe na Coordination iri kumwe n’umusaserdoti ajejwe ubutumwa bw’abalayike muri paruwase.
Ingingo ya 34: Ku misi mikuru ikomeye ihimbazwa muri Ekleziya (Noheli, Umwaka mushasha, Pasika , Iyurira mw’ijuru rya Yezu,
Pentekoti, Isakramentu ryeranda, Iyurizwa mw’Ijuru rya Bikira Mariya, Umusi mukuru w’Aberanda bose, Kristu Mwami) eka no ku misi mikuru paruwase yisangije canke iza giturumbuka, Coordination iri
kumwe na Patiri ajejwe ubutumwa bw’imirwi m’imihari itegerezwa kwibutsa abanyamihari n’imihari ibi bikurikira:
· Gufasha mu bikorwa vyose bikenewe kurangurwa kw’i paruwase muri ico gihe.
·
Kwitegura ku mutima no ku mubiri
· Kutirengagiza iyo misi mikuru.
· Kumenyesha Coordination n’abasaserdoti imisi mikuru imw’imwe muri iyo ihimbazwa ku buryo
budasanzwe muri iyo mihari n’imirwi.
· Nta muhari canke umurwi n’umwe urekuriwe kuringaniza umusi mukuru udahawe uruhusha n’abarongoye
paruwase.
Mu misi mikuru yabo, abanyamihari n’imirwi bategerezwa kugumana inyifato ibereye abigishwa
n’abatumwa ba Yezu Kristu. Iyo bahawe uruhusha rwo gutunganya ivy’inzimano, nta kurenza urugero mu kurya no mu kunywa. Ibibanza bahuriramwo, barabimenyesha abasaserdoti bagatako bakabibemerera,
babanje kwihweza ko ata manegurwa canke amakenga hafise.
Muri make, bose bogumana ukwemera n’akaranga k’uwa-Kristu.
E. AMASABAMANA.
Ingingo ya 35: Igihe cose hatunganijwe igisabisho c’imisi icenda ku rwego rwa Diyoseze yose (Neuvaine ya Kristu-Mwami,
Neuvaine ya Pentekoti -kumbure n’iya Assomption-), Coordination irafasha muri ico gikorwa kw’i paruwase ikongera igatumirira, iciye ku bakuru b’imihari n’imirwi,
kwitaba ico gisabisho.
Ingingo ya 36: Nta gikorwa na kimwe kibera mu mihari n’imirwi mu gihe c’igisabisho c’imisi icenda (Neuvaine). Ibikorwa
vyose birahagarara bakaja hamwe n’abandi bakristu mu gusenga.
Ingingo ya 37: Urwego rwa Coordination rurikumwe n’abarongoye paruwase, barategurira abanyamirwi n’imihari bose umusi
w’umwiherero. Ivyo vyoba n’imiburiburi rimwe mu mwaka.
Ingingo ya 38: imirwi n’imihari yose nayo nyene, umw’umwe ukwawo, urategura umwiherero n’imiburiburi rimwe mu mwaka.
Bokwitwararika kandi gusukura, uko bashoboye kwose, ibisabisho n’amanama yose abera mu mihari n’imirwi yabo.
IKIGABANE CA IV: IBIHANO
Ingingon ya 39: Umuhari canke umurwi wanse gukurikiza aya mategeko ntusubira kurangurira ubutumwa bwawo muri paruwase, eka
mbere muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Uba wiciye.
Ingingo ya 40: Umuntu wese yigenjeje nabi ari mu rwego rwa Coordination canke mu biro vya Coordination, arahanurwa, yanse
kwumva mu guhindura ingendo n’inyifato barabimenyesha umusaserdoti ajejwe ubutumwa bw’imirwi n’imihari, agahagarikwa hagatorwa uwundi.
Ingingo ya 41: Umuhari canke umurwi ukoze nabi ubutumwa usabwe na paruwase: gusiba, kuza ari bake, paruwase irabatorera
igihano kiberanye n’ikosa bakoze. Hagize abubahuka gutuka canke gurtyoza abarongoye paruwase canke Coordination barahanwa, bikenewe bakirukanwa mu butumwa barimwo, mbere barashobora no gucibwa
amasakramentu iyo vyabaye igicumuro c’icese.
Ingingo ya 42: Nta muhari canke umurwi wiyadukiza ukaja gukorera ubutumwa hanze ya paruwase yabo udahawe uruhusha na
paruwase. Uwo muhari canke umurwi urabimenyesha, mw’ikete, Coordination hamwe n’abasaserdoti, cane cane uwujejwe ubutumwa bw’abalayike mw’i paruwase, n’imiburiburi indwi zibiri imbere yuko iryo
sango rishika.
Ingingo ya 43: Uwujejwe indero muri coordination niwe ajejwe kugenzura ko impanuro canke ibihano vyafashwe.
IKIGABANE CA V: IBINDI BIBAZO
Ingingo ya 45: Amaparuwase afise amashure yisumbuye (Lycée, Lycée Communal, École de métier…) arimwo imihari n’imirwi
y’ubutumwa, asabwe kugira yo nyene amategeko agenga ama-Coordinations yo kuri ayo mashure. Nico kimwe n’ay’ama-coordinations yo ku masuccursales. Bokwerekana neza n’ubucuti bazogiriranira na
Coordination ya paruwase.
Ingingo ya 46: Ivyerekeye indagano zo mu mihari, paruwase imwe imwe izobitunganya uko yahora ibigira. Ariko ni ngombwa
gutegekanya akanya k’inyigisho zibutsa abazogira indagano bose ico ari co “kugira indagano imbere y’Imana.” Bobanza kuronka n’Isakramentu ry’ikigongwe.
Ingingo ya 47: Indagano zizoba zitunganijwe ku rwego ruhuza ama paruwase abiri canke arenga, zizosabirwa uruhusha muri
CDAL. Ivyo bigasabwa na Komite ya Diyoseze canke ya Région/Vicariat.
Ingingo ya 48: Aya mategeko ntavuga ido n’ido ibikorwa vyose Coordination ikora; birashoboka ko hoshika ibibazo bidahuye
n’ibitegekanijwe muri izi ngingo ngenderwako za coordination. Ibitarimwo inama ya bose iravyiga ikabishikiriza abarongoye paruwase. Patiri mukuru araja hamwe na Patiri ajejwe
ubutumwa bw’imihari n’imirwi, bakavyihweza, babishimye, bakavyemeza.
Ico batumvikanyeko, barakimenyesha urwego rwa Diyoseze rujejwe Ubutumwa bw’abakristu-balayike,
narwo rukavyiga, rugatanga inyishu mu kiringo kitarenze ukwezi.
Ingingo ya 49: Aya mategeko agizwe n’ingingo ntabanduka ama-Coordinations y’amaparuwase yose ategerezwa guhurirako.
Kubera ko ubuzima bw’imirwi n’imihari y’ubutumwa budasa mu maparuwase yose ya Diyoseze yacu, paruwase yose isabwa kwihweza izindi ngingo zoherekeza izi kugira ngo ubutumwa mu mirwi n’imihari
bigende neza. (Kugira Règlement d’Ordre Intérieur).
Ingingo ya 50: Ayo mategeko yoherekeza aya ashinzwe n’Umwepiskopi, ategerezwa kwumvikanwako n’Urwego rwa Coordination mu
nama ya bose bari kumwe na Patiri ajejwe ubutumwa bw’imihari n’imirwi, na Patiri mukuru nyene akayemeza mu kuyaterako umukono n’ikidodo ca paruwase.
Ingingo ya 51: Aya mategeko, kuva yemejwe n’Umwepiskopi mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, aca atangura kuja mu
ngiro.
Aya mategeko ashinzwe kuwa 31 mukakaro 2012
Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya
Bujumbura
+ Evariste NGOYAGOYE
Umwepiskopi mukuru wa Bujumbura