DIYOSEZE NKURU YA
BUJUMBURA
Bujumbura, kuwa 24 ndamukiza 2013
IBIRO BIJEJWE UBUTUMWA BW’ABAKRISTU BALAYIKE
B.P.: 690 BUJUMBURA
IGISABISHO C’IMISI ICENDA (NEUVAINE) CO KWITEGURIRA PENTEKOTI Y’2013:
IBISABWE N’IBIRO BIJEJWE UBUTUMWA BW’ABAKRISTU BALAYIKE MURI DIYOSEZE.
1.
Pentekoti ni umusi mukuru udasanzwe mu muryango w’Ekleziya yose no muri paruwase yose. Nico
gituma abasaserdoti bohimiriza aba-Kristu bose kuva kw’i paruwase gushika ku ma-succursales ngo bitegurire neza cane umusi mukuru wa Pentekoti mu kwitaba iki gisabisho c’imisi icenda
(neuvaine).
2.
Ico gisabisho kizotangura ku musi wa gatanu igenekerezo rya 10 rusama gisozerwe n’inkuka ya misa ku musi wa
gatandatu igenekerezo rya 18/5/2013.
3.
Abanyamihari bose (MAC) n’abanyamirwi y’ubutumwa n’ugusenga bose (GAP) basabwe kwitaba izo nyigisho. Nta kindi
gikorwa na kimwe cobera mu mihari n’imirwi canke mu ma Communautés nouvelles ngo gisubirire iki gikorwa c’igisabisho ca neuvaine. Twitegurira Pentekoti turi mu bumwe nk’umuryango.
4.
Kuvyerekeye umusi wo guhimbaza isakramentu ry’ikigongwe c’Imana ku bakristu babaye muri neuvaine, paruwase
yose yoraba umusi mwiza ubereye kandi uyorohereza. Abasaserdoti baba mu maparuwase yegeranye, bavyumvikanye, barashobora gushigikirana muri ubwo butumwa bwo gutagatifuza igihugu c’Imana. Gurtyo
kwiregesha bikoroha.
5.
Gutegura icegeranyo c’ingene iki gisabisho ca neuvaine cahimbajwe. Ico cegeranyo coba kirimwo:
§ Ingene iki gisabisho c’imisi icenda categuwe
§ Ingene inyigisho zatanzwe (ivyiyumviro nyamukuru vyashimikiweko). Abasaserdoti botegura neza kandi hakiri kare, atari
ku munota wanyuma, abazotanga izi nyigisho
§ Kwerekana urugero rw’ibitigiri vy’abitavye iki gisabisho
§ Ingene Umusi mukuru wa Pentekoti wahimbajwe mu Nkuka ya Ukaristiya kumbure n’inyuma yayo.
§ Kurondera imisi yo gusabikanya ivyamwa vya Neuvaine na Pentekoti muri paruwase eka no mu mirwi mito mito: imibano
rukristu, imihari, imirwi, chorales...
6.
Kurungika ico cegeranyo muri CDAL inyuma y’ikiringo kitarenze indwi zitatu gusa ni ukuvuga
gushika kuwa 10/6/2013. Ni ngombwa kuko ivyiyumviro bishikirijwe bifasha mu gutegura neza kuruta Pentekoti zo mu yindi myaka izoza.
7.
Ikibanza, isaha n’italiki y’inama yo kurabira hamwe (évaluation CDAL-Aumôniers paroissiaux de l’Apostolat des
laïcs) tuzobibamenyesha hanyuma mw’iteke.
UMUSI MUKURU MWIZA WA PENTEKOTI Y’2013. MUTIMA MWERANDA ATUGIRIRE PENTEKOYI NSHASHA KANDI ADUKUZE MU
KWEMERA!!!
Kubwa CDAL: Padiri Ignace
NKURUNZIZA na Padiri Ferdinand MUGABONIHERA
VYEMEJWE NA:
+ Evariste NGOYAGOYE,
Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura.
INYIGISHO Z’IGISABISHO C’IMISI ICENDA (NEUVAINE) CO KWITEGURIRA PENTEKOTI
2013 :
IJAMBO NGENDERWAKO :
MUTIMA MWERANDA NIWE
ADUHA KUMENYA IMANA N’UGUKURA MU KWEMERA. (Efezi 1, 17 ; 3,16-19; Yoh 16,12-13)
Bavukanyi,
Tugiye kumara imisi icenda mu
gisabisho nka kumwe kw’Abatumwa bari kumwe na Bikira Mariya barindiriye umuzo wa Mutuma Mweranda. Muri uyu mwaka wahariwe ukwemera muri Ekleziya, igihe ca Pentekoti
nticoturengana tutazirikanye neza uruhara ruhambaye rwa Mutima Mweranda mu kwemera kwacu. Muri Iki gisabisho c’imisi icenda, dufashijwe n’iri jambo ry’umutwe « MUTIMA MWERANDA
NIWE ADUHA KUMENYA IMANA N’UGUKURA MU KWEMERA », tuzokwihweza ingene Mutima Mweranda amenyesha Imana abantu kandi uko kuyimenya kukabavyarira ukwemera. Tugiye rero kunagura ukwemera
kwacu dufashijwe na Mutima Mweranda.
Ku musi ku musi tuzomwihweza twisunze ingingo zikurikira:
1.
Bikira Mariya yibarutse Umukiza ku bubasha bwa Mutima Mweranda.
2.
Uruhara rwa Mutima Mweranda mw’ibatisimu ya Yezu no mw’ibatisimu yacu (Lk 3, 22)
3.
Mutima Mweranda ahishurira abantu amabanga y’Imana (Yoh 14, 16-17)
4.
Mutima Mweranda ni We adufasha kwemera Yezu Kristu (Yoh 11, 17-44)
5.
Mu rupfu n’izuka vya Yezu, Mutima Mweranda aratamanzura umugambi w’Imana w’ugukiza abantu.
6.
Pentekoti ya mbere: Mutima Mweranda mu muryango w’aba-Kristu ba mbere
7.
Ibikorwa vy’Abatumwa muri iki gihe.
8.
Gushengerera Yezu m’Ukaristiya n’uguhimbaza Isakramentu ry’ikigongwe
9.
Inkuka ya misa y’ugusozera
UMUSI WA MBERE :
BIKIRA MARIYA YIBARUTSE UMUKIZA KU BUBASHA BWA MUTIMA MWERANDA.
Bikira Mariya yarateguwe
n’Imana kuva ikimurema. Kandi yari umwigeme yemeye ko Mutima Mweranda akora muri we. Ukugamburukira Mutima Mweranda niko kwamutumye aba Nyina w’Imana, aba Umuvyeyi w’Ekleziya
n’uw’abantu bose. Niwe twese twokwisunga mu kwemera kwacu kuko ata numwe yomenya Imana gusumba Nyina w’Imana!
Mu Nkuru nziza ya Yezu
Kristu nkuko yanditswe na Luka 1, 26-38, dusangamwo Mariya yuzuye ubugamburutsi budasanzwe ku gikorwa ca Mutima Mweranda. « Jewe ndi umusavyi w’Umukama nibimbere uko ubivuze ».
Kubera ko Bikira Mariya atarazi ingene bizogenda, twiyumviriye nk’abantu, twogira tuti yapfuye kwemerana. Ariko iyo nyishu yiwe ntiyabaye ugupfa kwemera, kwabaye
ukwiyegurira Imana, ukwuzura n’Imana kubera ko ukwemera kwiwe kutagira akanenge. Kwabaye ukwinjira mu mugambi usiga ubwenge w’Imana.
Vy’ukuri, kubera
“egome” yiwe, “nibibe” yiwe yaciye aba Nyina w’Imana. Araduhaye kumenya Imana n’ico ishaka; araduhaye kubona Imana muri Yezu umwana w’inda yiwe.
Mw’Ikatikisimu y’urwaruka
(YOUCAT), inomero y’117, handitswemwo ngo: “Mariya yaratumye Mutima Mweranda akora igitangaro gisumba ibindi vyose: kugira Imana umuntu, Mariya
yarakundiye Imana. Akomejwe na Mutima Mweranda yarashoboye kugendanira Yezu mu bihe bitandukanye gushika no ku musalaba”. Kubera iyo “egome” yiwe, arabaye n’umuvyeyi w’abantu bose. Niwe
karorero kacu mu kwemera.
Natwe hari aho tuba mu bihe
duhamagarwa kwinjira mu mugambi w’Imana, twavuga ego, tukumva inguvu zidasanzwe, ububasha burengeye ubw’umuntu, tukumva ko turi mu nema y’Imana. Birashika nk’iyo mu buzima dutegerezwa guhitamwo
ikintu, mu maso y’abantu womengo ntigitahuritse ningoga, ariko kuri twebwe tukumva ari igisanzwe kuko mu mutima twumva ijwi rya Mutima Mweranda ritwongorera, rikaduha inguvu muri uyo mwanya.
Umu-Kristu wese rero arashobora guca mu kiringo nk’ico ca Bikira Mariya, umuvyeyi wacu mu kwemera, akagamburuka umugambi w’Imana kuri we, agaca abona gurtyo “udutangaro dutoduto” Mutima
Mweranda arangura mu buzima bwiwe.
Umumalayika Gaburiyeli aca
amenyesha Mariya ko n’ « incuti Elizabeti aheruka gusama inda…naho bahora bamwita intavyara” (Lk 1, 36-37). Abimenye, Mariya aca afata urugendo aja kwa Elizabeti na Zakariya.
Bavuga ko hoba hari ibirometero ijana na mirongo ine (140 km) kuva i Nazareti uja aho Zakariya na Elizabeti baba, ariko Mariya ahaguruka adaharuye, ntiyiyumviriye ko nawe yibungenze,
ntiyiyumviriye ivyomugora mu rugendo rurerure nk’urwo. “Arahaguruka agenda yihuta” (Lk 1, 39) ahutagizwa n’urukundo. Mariya agiye kwa mwenewabo ngo amusange, basangire akanyamuneza,
yibonere n’ikimenyetso umumalayika w’Umukama yamuhaye, yongere amufashe kandi amube hafi.Urukundo rwiwe ntirugira imbibe, ntiyiyumvira ineza yiwe gusa ngo yigungireko, yiyumvira ico mwenewabo
akeneye.
Aho Bikira Mariya ashikiye
kwa Elizabeti, «yinjira mu nzu kwa Zakariya, aramutsa Elizabeti » (Lk 1, 40), «Elizabeti yuzuwe na Mutima Mweranda aca arikamaza ati: “Mu bagore warahezagiwe, kandi umwana
wibungenze arahezagiwe”, hanyuma yungako ati: « Mbega iryo teka ry’uko Nyina w’Umukama wanje aza kundamutsa ndaritewe n’iki? » (Lk 1, 42-43). Asozera ati: « Eka
urahiriwe wewe wemeye ko iryo watumweko n’Umukama rizotaha! » (Lk 1, 45-46).
Mariya yari yaje gufasha,
gukora ibikenewe, none ehe araninahajwe, arahezagize, yiswe Nyina w’Imana. Asanze muri Elizabeti umutima wugurukiye ibinyegezwa vy’Imana. Mariya yohejwe na Mutima Mweranda kubera uguca bugufi
kwiwe kwa cane, aca aterera mu gahogo araninahaza Imana muri rwa ruririmbo rwiwe ati: «Umutima wanje uraninahaza Imana, Umushaha wanje wahimbawe n’Imana yo Mukiza wanje, kuko yibutse umusavyi
wiwe muto muto. » (Lk 1, 46-48) Biragoye gushikira no guserura neza mu majambo ubucuti n’isangiramutima bihejeje kuvuka hagati ya Mariya na Elizabeti, kandi bazobandanya basangira mu mezi
Mariya azomara kwa Zakariya.
Kumbure natwe bavukanyi,
vyoba bimaze kudushikira kuba mu gihe kidasanzwe c’ubunywanyi n’Imana, tukumva ko Imana iri hafi yacu, mbere iri muri twebwe, tukahakura akanyamuneza kadasanzwe, mbere katavugika, kamwe katava
kw’itunga riboneka ryo kw’isi, kamwe isi idatanga ariko kava ku Mana nyene, tukipfuza kugasangira n’umuntu ashobora kudutahura, kumbure umuvyeyi w’amaraso, umuvyeyi w’umutima, umusaserdoti,
umugenzi dusangiye ukwemera, umuvukanyi dusangiye umubano canke akazi. Tugaheza tukumva ko uko tubishingira intahe bidukomeje mu kwemera kwacu no mu bukristu bwacu.
UMUSI UGIRA KABIRI:
URUHARA RWA MUTIMA MWERANDA MW’IBATISIMU YA YEZU NO MW’IBATISIMU YACU.
1. Mutima Mweranda mw’ibatisimu ya Yezu
Bavukanyi,
Agitangura ubutumwa bwamuzanye hano kw’isi, Yezu yagiye kubatizwa na Yohani Baptista. Iyo batisimu yari
igenewe abacumuzi bagomba guhinduka, Yezu ntiyari ayikeneye kuko yari “umweranda w’Imana” (Mk 1, 24). Yayakiriye mu nzira yo kwicisha bugufi izoguma imuranga gushika gupfa kwiwe no
guhambwa mu cobo. Kugira iryo banga ry’Imana rimenyekane, ukuza kwa Mutima Mweranda mu gishusha n’inuma nico kimenyetso Yohani yari yaraburiwe ko kizomumenyesha Yezu, Uwasizwe, Umwagazi w’Imana
ukura abantu ibicumuro, uwubatiriza muri Mutima Mweranda. Nawe ati: « None naravyiboneye, nico gituma nemeje ko uyo ariwe yatowe n’Imana ». (Yoh 1, 29-34). Mutima Mweranda niwe
yamenyesheje Yohani umwana w’Imana, aramukomereza ukwemera amuha kandi n’ingoga z’ukumushingira intahe. (Mt 3, 13-17; Mk 1, 9-11; Lk 3, 21-22; Yoh 1, 31-34).
2. Yezu asigurira Nikodemu ivy’ibatisimu
No mu kiyago Yezu yagiranye na Nikodemu (raba Yohani 3, 1-21) ngo hari mw’ijoro, Yezu
yamuhishuriye ko, kugira umuntu ashobore kwinjira mu bwami bw’ijuru, ikintu ngombwa cane, ari ukuvuka mu mazi no muri Mutima. Igicumuro carishe imitima yacu, birakenewe ko twovuka bushasha muri
Mutima kugira ngo imitima yacu isubire kuronka ubuzima bw’Imana.
3. Mutima Mweranda mw’ibatisimu yacu.
Kubera urwo ruhara ruhambaye rw’ivuka rya kabiri mu mazi no muri Mutima Mweranda, imbere yo gusubira
mw’ijuru, Yezu yatumye abatumwa biwe kubatiriza abantu bose (Mt 28, 19-20). Nico gituma ku mukristu, ibatisimu ari Ibanga rihambaye cane. Ibatisimu niyo itugira abana b’Imana, barumuna ba Yezu
Kristu n’abana b’ Ekleziya. Ibimenyetso bikoreshwa mu gutanga ibatisimu (amazi, amavuta ya Krisma, igitambara cera be n’itara) birerekana amabanga ataboneka Mutima Mweranda arangura mu
mutima w’uwubatijwe. Niho tugaragariza ukwemera kwacu: “Ndemera Imana Data, Imana Mwana, Imana
Mutima Mweranda.”
Uwuronse ibatisimu aba
yakiriye ubuzima bushasha, aba yemeye kugenzwa na Mutima (Rm 8, 14), kugumya ubutore bw’Imana, kubera umuco abandi, kuva mu buja bw’igicumuro buri muri kamere y’umubiri (Rm 6, 3).
Twambaze Mutima ngo ashitse inema z’ibatisimu mu buzima bwacu bwa misi yose.
UMUSI UGIRA GATATU:
MUTIMA MWERANDA NIWE AHISHURIRA ABANTU AMABANGA Y’IMANA (Yoh 16, 13-14)
«…kuko atari wewe uvyibwiye, ubimenyeshejwe riho na Data ari mw’ijuru. » Mt 16, 17.
Abarundi barayamaze bati:
« Ukubaza gutera ukumenya .» Twovuga ko no kubazwa gutera kumenya. Yezu yarabajije abatumwa biwe uwo ari we (Mt 16,15). Yezu abaza ikibazo afise intumbero yo kuduhishurira
amabanga y’Imana; mwumva bavuga ngo ndi nde? Mweho ku bwanyu ndi nde? Naho yari amaze kubereka vyinshi, Petero nk’umuntu w’umuyahudi ntiyari kwishura, bivuye mu bwenge bwiwe ati uri:
‘Kristu, Umwana w’Imana nzima’” kuko bari bafise ukundi biteze Kristu n’ingene bwamwigishijwe: “ntawuzomenya iyo ava, azobogora ingoma y’Israeli…” Ku rundi ruhande
kandi Yezu arafise uburorero bw’ingene bataratahura ico ari n’ico yabahamagariye (Lk 9, 54-55):
· Biraboneka ingene abatumwa baharira bashaka kumenya umukuru muri bo (Mk 9,33-34 ; Lk 22,24);
· Ingene Yakobo na Yohani bene Zebede basaba Yezu ko umwe yokwicara i buryo uwundi i bubamfu bwiwe (Mk
10,35-37) ;
· Petero abaza Yezu impembo azoha abatumwa biwe (Mt 19,27; Mk 10,28);
· Abatumwa basaba Yezu ko yorekura umuriro wotikiza abanyasamariya banse kubaha indaro;
· N’ibindi…
Nico gituma imbere
y’inyishu Petero atanze, Yezu abonyemwo ikindi kimenyetso ati: « Urahiriwe, Simoni mwene Yona, kuko atari wewe uvyibwiye, ubimenyeshejwe riho na Data ari mw’ijuru. » (Mt 16, 17). Ko
wahishuriwe ivyo “nanje ndabikubwiye, uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje …” Uworaba iki gisomwa womengo nta Mutima Mweranda avuzwemwo kuko bagize bati ni Data ari
mw’ijuru abiguhishuriye. Ariko twisunze Yoh 14, 16-17, turabona ko Data aca kuri Mutima w’ukuri yibera mu bemeye Yezu Kristu. Mu rugendo abatumwa basangiye na Yezu yabahamagaye, iyi
ntambwe y’ukumenya ko atari umuhanuzi asanzwe, ariko ari Mesiya bari biteze, irahambaye cane mu kubakomereza ukwemera. Mbere kumenya ivyo, biciye bibamenyesha n’umugambi uhambaye wa Yezu
w’ugushinga Ekleziya yiwe, kandi izokwubakirwa kuri Petero. Arahiriwe Petero abwiwe ivyo, ariko, kumwe nawe harahirirwe uyo muntu wese azokwemera ko Yezu ari ‘Kristu, Umwana w’Imana
nzima’.
Uru ruhara rwa Mutima
Mweranda ahishurira abantu Imana n’urukundo rwayo, bakaboneraho kuyikunda n’ukuyemera, bigaheza bigaserukira mu guhinduka kw’imitima, ivyiyumviro, imvugo, ingendo n’ingiro, nirwo rwubaka
Ekleziya. Ni Uwo Mutima yafashije ababonye Yezu ari umuntu kumubonamwo n’ubumana, niwe n’ubu aserura mu bantu ubwiza n’ububasha vy’Imana.
UMUSI UGIRA KANE:
MUTIMA MWERANDA NIWE ADUFASHA KWEMERA YEZU KRISTU. (Yoh 11, 17-44)
Bavukanyi,
Uyu musi turatera iyindi
ntambwe mu kuzirikana ingene Mutima Mweranda adufasha kwemera Yezu mu bikorwa vyiwe no mw’Ijambo ryiwe. Igihe cose tubona ibitangaro n’ibimenyetso Yezu akora, tubona ko yabigize ku bubasha bwa
Mutima Mweranda nk’uko Yezu we nyene abimenyesha mu ntango y’ubutumwa bwiwe mw’isinagoga i Nazareti aho yarerewe ati: Umutima w’Umukama uri kuri jewe, kuko yansize ngo mburire inkuru nziza
aboro; andungika gukwiza mu baboshwe ubukiriro; mu bahumye ngo bahumuke, kurokora ababaye n’ukumenyesha umwaka mwiza w’Umukama. (Lk 4, 18-22). Umuhanuzi Izaya yari yarabibuye (Raba Izaya 61,
1-2). Umukama aduhaye guhimbaza iyi Pentekoti mu kiringo kiri mu mwaka wahariwe ukuzirikana n’ukunagura ukwemera kwacu. Twihweze rero mw’ijambo ry’Imana ibimenyetso vy’Imana bimwe bimwe bituma
tuyimenya ukuruta bikanatuma tubangukirwa kuyemera ; ivyo navyo bitangurirwa n’ingabirano y’ukwemera.
· Turabona ingene Yezu, kugira azure Lazaro, abanza kubaza mushikiwe: “ Uremeye ivyo? Ego Mukama”… yezu akongera
ati: “Sinakubwiye ko niwemera uza kubona ubuninahazwa bw’Imana?” Ico nico kiyago gitangurira ikimenyetso c’aho Yezu azura Lazaro.
· N’abandi benshi Yezu yakijije turabona ko babanza kugaragaza ukwemera. Twibuke uturorero dukeyi: impumyi zibiri (Mt
9,28-30), wa mugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri arwaye umugongo (Lk 8,45-48); impumyi i Yeriko (Mt 20,32-34 ; Mk 10,51-52 ; Lk 18,41-43), …
Ivyo bitangaro Yezu akora
muri Mutima Mweranda, ni ibimenyetso kugira ngo bifashe bamwe bamwe kumenya Imana: “kugira ngo mumenye ko Umwana w’umuntu ari n’ububasha bw’ukurekura ibicumuro kw’isi … va hasi, hitana
inderuzo yawe wigire” (Mk 2, 11). No mukuzura Lazaro, Yezu ati: “…babonereho kwemera ko ari wewe wantumye”. (Yoh 11, 42). Ku ruhande rumwe rero turumva ko hariho
ukwemera gutangurira urukiza Yezu atanga muri Mutima Mweranda. Uko kwemera niko araba kandi yisunga, akabona kuvuga ati: “Ukwemera kwawe kuragukijije” (Lk 8,
48). Ariko hariho n’ukwemera gukurikira ivyo bimenyetso: “Ababibona bibatuma gushemeza Imana” (Mk 2, 12). Iyo habuze ukwemera haba uruhumyi
rutuma n’ibikorwa vya Mutima Mweranda abantu bavyitirira Beelzebul, umutware w’amashetani (Mt 12, 24) canke mbere ntibanabibone. Soma muri Yoh 15, 22-24, Yezu arababazwa n’abumva ijambo ryiwe,
bakabona n’ibikorwa vyiwe ariko ntibahinduke ngo bamukunde, bamwemere, bave mu gicumuro, baheze bamukorere.
Turagabe ariko ntitugire
ngo ibikorwa n’ibimenyetso bituzanira ukwemera bibanza kuba ibitangaza bitamãrirwa. Nitumenyere riho kubona igikorwa c’Imana mu buzima busanzwe; tuzirikane mu bidushikira vyose ico Imana ishaka
kutwigisha no kutubarira, nka kumwe kwa Bikira Mariya yazirikana mu mushaha wiwe ivyamushikira vyose n’amajambo yose yabwirwa n’Umwana wiwe. (Lk 2, 51). Dushobore kuba muri bwa buhirwe Yezu
yemerera ‘abemera batarinze kubona’ (Yoh 20, 29). Mu kuronka rero Mutima Mweranda, ngo aze gukora muri twebwe ivyo vyiza, abidukorere yongere abidukoreshe, dusabwe kubanza kwemera Yezu,
nk’uko tubisoma muri Yohani: “Uwunyotewe n’anyegere anywe! Uwunyemera inzuzi z’amazi abeshaho zizotemba ziva mu nda yiwe nk’uko inyandiko zibivuga. Yezu yavuga Mutima Mweranda abamwemera
bazoronka” (Yoh 7, 37-38)
Muri iki gisabisho rero dukabure iyo nyota ya Mutima Mweranda, dusubire twegere Yezu amuduhe natwe aduceko
mu guha amazi abeshaho abavukanyi ashaka kugirira neza aduciyeko, n’isi yose.
Tumwegere mw’ijambo ryiwe, mu muryango w’Ekleziya, mu masakramentu, mu gisabisho. Tubonereho guhinduka mu
vyiyumviro, mu mvugo no mu gukora ibikorwa vyiza.
UMUSI UGIRA GATANU:
MU RUPFU N’IZUKA VYA YEZU, MUTIMA MWERANDA ARATAMANZURA UMUGAMBI W’IMANA W’UGUKIZA
ABANTU
Bavukanyi,
Kuva mu ntango y’umugambi
w’ugukiza abantu, Ubutatu Bweranda bwaratoye Bikira Mariya ngo abe inzira y’iranguka ry’uwo mugambi, Umwana w’Imana yamyeho yigira umuntu; urukiza ruciye kuri Jambo yigize umuntu isi ibona
kurokoka (Yoh 1,9). “Ego” ya Bikira Mariya yerekeje abantu ku yindi “Ego”, imwe ya Yezu agamburuka ishaka rya Se wiwe. Ati : “Dawe nivyaba bishoboka nkurako aya magorwa. Yamara ntibibe nkuko
nshaka, nibibe nkuko Wewe ubishaka.” Mt 26, 42. Ni nde yoshoboye ubugamburutsi nk’ubwaranze Yezu ? Bushoborwa n’abantu barongowe na Mutima w’Imana. Kuko Mutima Mweranda ariwe aha abantu
guhimbarwa n’ukurangura ishaka ry’Imana bakaryumako n’igihe ryoba rigurwa ubuzima bwabo nyene canke rikabasaba gusesa amaraso yabo. (Lk 22, 42)
Urukundo ruhebuje rw’Imana
nirwo rwonyene rushobora gutunganya umugambi nk’uyo w’urukiza. Gushika naho Imana yiha twebwe abantu. Umwana w’Imana yigira umuntu ngo atugire « abana b’Imana » (Yoh 1, 12). Ni muri
urwo rukundo rw’Imana haranguka umugambi w’urukiza.
Mutima Mweranda, Rukundo rwa Data na Mwana, twamuhawe mu gihe kidasanzwe : mu kiringo c’icungurwa
ryacu, ka kanya Yezu yatura akamo ngo: « Mana yanje, Mana yanje, wampebeshejwe n’iki ? » (Mt 27, 46). Muri iki kiringo womengo Yezu “ntiyumva Se wiwe
hafi yiwe” kandi yahora amuhamagara « Abba, Dawe ». Ariko muri ako kanya k’ububabare, biratangaje, amuhamagaye «Mana Yanje». Ico kiringo Yezu yahora acita «isaha
Mwana aninahaza Se» (Yoh 17, 1). Kuri we rero, ugupfa n’ukuzuka vyiwe bininahaza Se wiwe.
Mu buzima
bwiwe gushika kuri iyo saha, Yezu yari yagumye yumva Se wiwe hafi, ko bari kumwe (Yoh 16,32). Dusomye mu Nkuru nziza ya Yohani Mweranda, Yezu yatanze Mutima wiwe, Mutima Mweranda igihe yacikana
(Il remit l’esprit) [Yoh 19, 30]. Ugucikana kwa Yezu bihurirana n’uguha abiwe -n’ukuraga Ekleziya yiwe iriko iravuka
iserukiwe ngaha na Bikira Mariya na Yohani, wa mwigishwa Yezu yakunda- Mutima w’Imana atugira UMWE na Se kandi akatwungira ubumwe hagati ya twebwe abantu twese. Aturonkeye kandi atwungiye ubumwe;
aduhaye Mutima atwungira ubumwe.
Muri Pentekoti, abigishwa
barabaye muri ubwo bumwe bukomoka kuri Mutima Mweranda nk’uko boba bari imbere mu mutima w’Ubutatu Bweranda. (Ibik. 2, 2)
Uyu musi Yezu adusaba kwemera urwo rukundo rw’Imana, urukundo ruhebuje kandi rugana umwe umwe wese ngo
rumugire mwiza mbere mweranda.
Papa Benedigito wa XVI,
muri rya kete yatangazamwo uyu mwaka w’ukwemera, ryitwa“Umuryângo w’ukwemera” (Porta Fidei) yanditse ati: «….. Inyigisho ya Yezu Kristu n’ubu irasamirana, igumana inguvu
n’akanovera yayivuganye kera: «Ntimukorere indya ihera, ni mukorere imfungurwa igumya ubuzima budahera » (Yoh 6, 27). Ikibazo bamubaza kiriya gihe nico n’ubu tugifise, « tuze tugire iki
ngo turangure ibikorwa bishimisha Imana ? » (Yoh 6, 28). N’inyishu Yezu atanga turayizi : ‘Igikorwa Imana ishima ni uko mwokwemera uwo yatumye’(Yoh
6,29). Kwemera Kristu rero niyo nzira y’ugushikira urukiza ubudasubirinyuma.” (Umuryango w’ukwemera, Papa Benedigito wa XVI, ikigabane ca 3)
Ninde yoduha kwemera ko Yezu ari Umwana w’Imana vy’ukuri ? Ni Mutima Mweranda adushiramwo ayo
majambo mbere no mu bihe bigoye vy’uruhamo. Umukuru w’abasirikare yemeye kuko yabonye ingene Yezu asandaba, Toma nawe nyene yemeye yiboneye inguma za Yezu n’aho atabaye
acubahuka kuzikorako kuko bitari bigikenewe. Toma ati: «Mukama Wanje, Mana yanje ! » (Yoh 20, 28).
Twebwe duhamagariwe kwemera ku bubasha bwa Mutima Mweranda, ataco turinze kubona.
Duhamagariwe ubuhirwe bw’ukwemera tutarinze kubona.
Tugire rwacu aya majambo
Umuhimbazwa Papa Yohani Paulo II yatumiriye aba-Kristu b’i Ségovie mu 1982 : “…ese mu mwijima uhora utwikira ubuzima bw’umwe umwe canke ubw’imiryango twohagirira ukwemera kudatirigana,
ukwizigira kugabana ku rugero rwizerako; tukarurumbamwo urukundo n’ingoga za Mutima Mweranda kugira ngo ahari umwijima hakayangane umuco uboneshereza isi yijiriwe, hatamanzure intsinzi y’Uwazutse
n’ububasha bw’umusalaba wiwe.”
Turumva na Chiara Lubich avuga ko “… Mutima Mweranda ari we bumwe buri hagati ya Data na Mwana kandi buhuza
aba-Kristu. …Mutima Mweranda wa Yezu Kristu ni nawe mutima w’umubiri wiwe ariwo Ekleziya. Bikoroha kumubona iyo Ekleziya ibaye ico ihamagariwe kuba vy’ukuri: Ubwami bw’Imana mu bantu, ijuru
kw’isi kubera irimwo ubumwe.” (Ch. Lubich, Una Via nuova, urupapuro 60).
UMUSI UGIRA GATANDATU:
PENTEKOTI YA MBERE: MUTIMA MWERANDA MU MURYANGO W’ABAKRISTU BA MBERE.
Intangamarara :
Mutima Mweranda yashikiriye abantu kubera ininahazwa rya Yezu Kristu. Ku musalaba niho Yezu
yatwishuriye ivyaha vyacu vyadutanya na Data maze tubona kuberwa n’ukugabana iteka ryo kuronka Mutima w’Imana atugira abana b’Imana. Imbere y’icungurwa ryacu, ntivyashoboka ko twebwe abantu
tumwakira ku rugero rwuzuye, kuko ibicumuro vyatugumiza kure y’Imana. (Yoh 7, 39).
Mutima Mweranda, nk’Imana
n’Umukama nyene, yamyeho kandi yamye agirira neza abantu. Ni Imana nka Data na Mwana, ni We yavugiye mu bahanuzi. Yamye arongoye igihugu c’Imana agihishurira ivyiza Imana
ikora. Kuri Pentekoti ntiyiyadukije rero kuko yamye arongora ab’Imana kuva n’imbere y’uko Jambo yigira umuntu. Hari uburorero bwinshi bwerekana ko Mutima Mweranda yamenyesha
ivyiza Imana ikora: nko mu gitabo c’Ihunguka, abayahudi baramenye ko amazi n’imfungurwa bagaburiwe babihawe n’Imana. Mutima niwe yahishuriye abantu ko Imana ariyo yabaremye
(Amamuko 1, 1). Pentekoti yari yarabuwe n’umuhanuzi Yoweli (3, 1-5)
Kurindira ico basezeraniwe
Yezu amaze kuzuka yaregeranije abatumwa n’abigishwa biwe, yarabiyeretse kenshi kandi henshi, arabaremesha,
arabibutsa ibimwerekeye, abategurira artyo kumubera ivyabona bishize ubwoba.Yuriye mw’ijuru abashize mu muhango wa Pentekoti. “Nza kubarungikira ico Data yabemereye yamara mube muragumye mu
gisagara gushika muronke ubukomezi bw’uwo mw’ijuru” (Lk 24, 49).
I. Ibiranga abatumwa biteguriye pentekoti
1.Ubugamburutsi (Lk 24, 52-53)
Abemera Yezu Kristu bose baramugamburukiye baguma i Yeruzalemu ntibagira ivyo batangura kuja gukora mugabo
bararindira nk’uko babisabwe. Bagumye kandi baja inama bumvira uwari yahawe kubarongora: Simoni
Petero.
2.Ubumwe
Abigishwa n’abatumwa bose bari hamwe kumwe na Mariya Nyina wa Yezu n’abandi bapfasoni bagendaniye
Yezu (Ibik.1, 14); “Umusi wa Pentekoti wasanze abatumwa bose bakoraniye hamwe …” (Ibik.2,1) . Aha twobona ingene ubwo bumwe butashotse buba, vyarabasavye
kumarana imisi, gusangira vyose, ntibagize igisabisho c’umwanya muto gusa, ngo bace bisubirira iwabo. Baragumanye badaharuye ubukene canke ubutunzi bwa bamwe n’ivyifuzo vy’aharyoshe kuba kuruta
ahandi muri uyo mwanya. Mu ntango turazi ko bari bashwiragiye mugabo buke buke baregeranye, bararema.
3. Kuzirikana ijambo
Barasoma, bakazirikana ijambo ry’Imana kandi rikaba ariryo ribamurikira rikabaha intumbero y’uko bokwigenza.
Tubibona turavye ingene Petero avuga. Ntakoresha amajambo yikuriye mu mutwe ngo ashinge amategeko yiwe. Mu kwigisha, Petero akoresha ijambo ry’Imana (zaburi ya 69 n’iy’109) ngo asigurira abandi
ingene ivyanditswe vyeranda vyarangutse muri Yezu n’ico abari aho bokora. Ijambo ry”Imana niryo akoresha ngo yerekane ingene bobigenza mu gutora umusubirizi wa Yuda wa mutumwa yahemuka mukugura
Yezu. (Ibik.1, 20)
II. Umusi mukuru wa Pentekoti (Ibik.2, 2-13)
1. Pentekoti yaje n’
ububasha buboneka
Mu bikorwa vy’Abatumwa bavuga ko habaye intureka iva mw’ijuru, humvikana umuyaga mwinshi cane. Habonetse
kandi imbeya zimeze nk’indimi z’umuriro.
Ivya Mutima Mweranda ntivyabaye ibicuga kandi ntivyakeshe, umuyaga waruzuye inzu, indimi z’umuriro
zarakwiye zihagarara ku mutwe w’umwe umwe wese mu bari aho. Bose rero buzura Mutima Mweranda.
2. Vyose
birahinduka
- Abaronse
Mutima Mweranda baciye bavuga indimi zindi
- Abigishwa
ba Yezu ubu barashize ubwoba, barugurura inzugi; barahindutse barigisha, ata gutinya, ivy’ugupfa n’ukuzuka kwa Yezu n’ivy’umuzo wa Mutima Mweranda w’Imana.
- Abari aho
bose barabumviriza kandi bakabumva mu ndimi z’amavukiro yabo.
- Abumvirije
inyigisho barumvise ivyo bitangaza baca barabegera, barigaya, barahinduka baremera kubatizwa : abashika nk’ibihumbi bitatu bariyongerako ku munsi umwe (Ibik 2,37-41)
Mutima Mweranda niwe abandanya agira vyose bishasha, niwe turonka kandi tukaguma turindiriye nk’uku twumva na
Bikira Mariya amurindiriye mu bandi kandi tuzi ko yamuronse akamutwikira agasama inda ku bubasha bwiwe. Kuko atawuronka Mutima rimwe ngo ndahejeje. Tuguma tumukeneye ngo atunagure igihe
cose.
UMUSI UGIRA INDWI: IBIKORWA VY’ABATUMWA MURI IKI GIHE.
Bavukanyi, muri izi nyigisho
tumaze kuronka, twarabonye akamaro ka Mutima Mweranda mu buzima bwacu, twebwe aba-Kristu turi mu muryango washinzwe n’Umucunguzi wacu Yezu Kristu. Yarahaye Mutima wiwe abatumwa ku musi wa
Pentekoti, ari naho inama nkuru ya Vaticano ya II, itubwira ko Ekleziya yatanguriye icese. Mutima Mweranda yarakoreye mu batumwa, baramugamburukira, Ekleziya irakwira mu ntara zose harimwo
n’iz’abapagani ihereye i Yeruzalemu, mu Buyudeha n’i Samariya. Benshi barayiguze baraheba ubuzima n’ ivyabo vyose. Abatumwa barakora ibitangaro bakoresheje izina ryeranda rya Yezu, barigishije
bohejwe na Mutima, aba-Kristu bakiyongera ku musi ku musi, baranditse Inkuru nziza n’izindi nyandiko nyeranda zo mu Bwuzure bwa kabiri. N’uyu musi dusomye muri izo nyandiko nyeranda dusangamwo
akanovera n’ukuri kw’ibihe vyose. Nkako ukuri ntiguhinduka. Umuntu yokwibaza ati mbega Ekleziya ikoresha gute ingabirano za Mutima Mweranda muri iki gihe?
Icamwa gihoraho Ekleziya yamye ni ikihe? (Yoh 15, 1-17)
Iyo turiko turasoma igitabu c’Ibikorwa vy’abatumwa turabona ko batuyagira ubuzima
bw’umuryango w’aba-Kristu b’ico gihe: ingoga abatumwa n’aba-Kristu bakorana, ivyamwa vyaseruka mu guhinduka kw’abantu, uruhamo rwabashikira n’ingene bavyifatamwo, mbere n’impari n’ibibazo vyaduka
mu muryango… Mutima niwe yama aseruka umuti n’inyishu zikaboneka.
Uwo Mutima Mweranda yakorana
n’abo banyamuryango ba mbere niwe abandanya akorera muri Ekleziya kuva igitangura gushika n’uyu musi. N’ubu rero mu muryango turimwo twokwihweza ivyiza ariko ararangura n’abo abicishako, ivyamwa
vy’uguhinduka n’ukwakira ubuzima bw’Imana bihari, ibibazo bihanze umuryango; tugasaba Mutima Mweranda umuco n’ubutwari, ingoga n’ubwitonzi dukeneye. ( Raba Galati 5, 22-23: ivyamwa vya Mutima
Mweranda)
(Itegereze neza: Aho bishoboka, uwutanga inyigisho yoraba ibijanye n’umuryango w’aba-Kristu muri paruwase canke
Succursale, agakoresha umwanya muto kugira aba-Kristu baje mu mirwi, bitorere nabo ivyo vyamwa mu mibano rukristu barimwo.
Nko mu gisagara ca Bujumbura, bimwe bimwe tubona ni ibi:
- Abantu
basigaye bahurumbira inyigisho ndoramana n’ugusenga ari benshi;
- Hariho
abantu biboneka vy’ukuri ingene bahinduye ubuzima kubera Yezu Kristu n’Ijambo ryiwe;
- Haragaragara urukundo kivukanyi mu banyamuryango ;
- Imibano-rukristu izanye ivyiza vyinshi mu banyamibano mu maparuwase;
- Gukunda no guhurumbira ijambo ry’Imana, kuryumviriza no kuryisomera gushika mbere aho n’abakristu basigaye basaba
kuryigishwa no kuryigisha ( mu mashure no mu butumwa bwa paruwase n’ahandi);
- Abasaba kunagurwa muri Mutima Mweranda ni benshi cane;
- Guhurumbira amasakramentu cane cane iry’Ukaristiya (Inkuka ya misa) n’iry’Ikigongwe c’Imana (kwirega);
- Kwitanga kw’abakristu mu bikorwa bijanye n’ingoro y’Imana n’ubundi butumwa muri paruwase ;
- Gukunda, kwubaha no kwubahiriza Ekleziya hamwe n’abayiyoboye ;
- Gukunda Umuvyeyi Bikira Mariya
- Kuja mu mirwi y’ubutumwa;
- Aba-Kristu bose mu maparuwase yose agize diyoseze yacu yose, basigaye bitegurira umusi mukuru wa Pentekoti muguhurira mu gisabisho
kimwe c’imisi icenda bitahoraho.
- Ingene Mutima Mweranda yama aha Ekleziya ingabirano z’Imiryango y’abihaye Imana, abo nabo bakaza baserura ingabirano y’Imana ikenewe
muri ico kiringo. (Raba ukuntu ababikira canke abafurera bo mu miryango itandukanye bitanga bamwe bose mu butumwa batoranye)
- Ivuka ry’Imiryango mishasha n’imihari y’Ekleziya ihuriyemwo abasaserdoti, abihebeye Imana, ingo zubatse eka n’urwaruka : bose
bagasangira ibanga n’ubutumwa bagafasha abavukanyi benshi muri Ekleziya. Hari ubutumwa bwinshi bwiza bukorwa n’iyo mirwi tubona butangaje uravye ivyamwa bibuvamwo. Benshi bashingira intahe ivyiza
vy’Imana bagabaniye muri Foyer de Charité, Schonstatt, Focolare, Chemin Neuf, Kominote ya Emmanuel, Néokatecumena, Segwimi (Nkurikira), San Egidio zimaze gushika aha
iwacu mu Burundi cane cane muri Diyoseze nkuru yacu ya Bujumbura.
- Urwaruka n’abubatse basigaye barondera umwanya w’umwiherero, yaba amapfungo y’umunsi umwe, indwi yose, canke iminsi myinshi,
…
- Uravye ingene aba-Kristu basidukana n’iyonka mu gusabira ibiringo bikomeye muri Ekleziya (Akarorero k’intererano n’ibisabisho igihe
Inama y’Umuryango wa diyoseze yacu (synode) yari ishashe, mu mahuriro akomeye nk’iry’urwaruka (Forum des jeunes), ugusenga igihe abakardinale bari bashashe i Roma batora Umusubirizi wa Petero
mweranda (Papa Fransisko)…
Amakete abatumwa batwandikiye.
Abatumwa barandikiye aba-Kristu amakete
kugira babigishe bishure ibibazo bafise canke babaremeshe. N’ubu ayo makete ni ayacu n’ubwo haciye imyaka irenga 2000. Iruhande y’ayo n’ubu abungere bacu ku rugero n’ibiringo bitandukanye
baratuyobora, bakaturagira mukutwereka inzira nziza zishika, mu kutwandikira no mu kutwigisha, mu mvugo no mu ngiro, ngo dushikire ubukiriro.
Ibibazo twokwibaza ejo ku musi wo gushengerera Yezu ngo tubiganire nawe:
- Ko nanje naronse Mutima Mweranda mw’ibatisimu, mu gusangira, mu gukomezwa jeho ndiko nama ivyamwa ibihe muri Ekleziya?
- Paruwase yanje ndayiterera iki? Ndayibamwo? Ryari? Kangahe?
- Ubutumwa nkunda ni ubuhe? Ndabukorera he?
- Amakete twandikiwe n’abakurambere batuboneye izuba mu kwemera ndayakoresha iki? Inyigisho
dushikirizwa n’abatumwa b’uyu musi (Abapapa, Abebiskopi n’ababafasha mu butumwa bwa) ubu ndaziha ikibanza kihe? Ndazigira izanje?
UMUSI UGIRA UMUNANI: Nta nyigisho itegekanijwe.
GUSHENGERERA YEZU M’UKARISTIYA N’UKURONKA ISAKRAMENTU RY’IKIGONGWE
UMUSI UGIRA
ICENDA: INKUKA Y’IMISA YO GUSOZERA