IGISABISHO C’IMISI ICENDA CO KWITEGURIRA PENTEKOTI Y’2013[1] :
A. Ijambo ngenderwako : MUTIMA MWERANDA NIWE ADUHA KUMENYA IMANA N’UGUKURA MU KWEMERA (Ep. 1, 17. 3,16-19; Yoh 16,12-13)
- Ugutumira aba Kristu ngo baje hamwe nk’umuryango, basaba kandi barindirira hamwe Mutima Mweranda
- Ivyokorwa ku musi ku musi : Igisabisho comara isaha n’igice (1h30min) ku musi umwe umwe. Imisi yose hakavugwa igisabisho c’ukugaragaza ukwemera kwacu (NDEMEYE : imwe yatosorwa neza n’Inama y’Abebiskopi gatolika b’i Burundi)
UMUSI |
IJAMBO RY’UMUTWE |
IVYIYUMVIRO SHIMIKIRO |
IBIGIRWA |
IJAMBO RY’IMANA |
1. Kuwa gatanu 10/5/2013 |
Mutima Mweranda mw’Iburwa ry’isamwa rya Yezu
|
- Mariya asama inda ku bubasha bwa Mutima Mweranda - Elizabeti yuzuwe na Mutima Mweranda amenya umugambi w’Imana kuri Bikira Mariya - Umutima wanje uraninahaza Imana |
- intangamarara y’igisabisho cose (Ak : Ic’ukuninahaza Imana) - inyigisho - igisabisho rusangi :n’abatagiteguye baravuga - Ndemeye |
Lk 1, 26-56 |
2. Kuwa gatandatu 11/5/2013 |
Mutima Mweranda mw’ibatisimu |
- Uwo uzobona Mutima Mweranda yururukiyeko akamuhagararako niwe - Uwudasubiriye kuvuka ntiyobona ubwami bw’Imana - Ibatisimu y’abakristu mu mazi no muri M. Mweranda |
-Igisabisho c’intangamarara -Indirimbo:ibatisimu nahawe yangeze mu bibondo - inyigisho - Ndemeye |
Mt 3, 13-17, Mk 1, 9-11, Lk 3, 21-22, Yoh 3,1-21 Rom 6,3 |
3. Kuw’Imana 12/5/2013 |
Mutima mweranda ahishurira abantu amabanga y’Imana |
- Uri Kristu Umwana w’Imana Nzima...urahiriwe kuko ivyo siwe uvyibwiye - Uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje |
- Igisabisho - inyigisho - Ndemeye |
Mt 16,13-20, Yoh 14, 16-17
|
4.Kuwa mbere 13/5/2013 |
Mutima Mweranda arasubiza ubuzima: bidusaba ukwemera. |
- Mutima w’Imana ari kuri jewe - Niwemera uraza kubona ubuninahazwa bw’Imana - Ibimenyetso kugira ngo bamenye ko Umwana w’umuntu ari n’ububasha -Unyemera inzuzi z’amazi abeshaho zizotemba ziva mu nda yiwe |
- Igisabisho - gusoma ijambo ry’Imana - inyigisho - Ndemeye
|
Yoh 11, 17-4 Lk 4, 18-22 Lk 8,48 |
5. Kuwa kabiri 14/5/2013
|
Mu rupfu n’izuka vya Yezu, Mutima Mweranda aratamanzura umugambi w’Imana w’ugukiza abantu |
- Mutima Mweranda niwe aha abantu guhimbarwa n’ukurangura ishaka ry’Imana: ntibibe nk’uko nshaka nibibe nk’uko wewe ubishaka - Dawe ninahaza umwana wawe umwana wawe nawe abone kukuninahaza. - Igikorwa Imana ishima ni uko mwokwemera uwo yatumye. |
- ishapule y’ivyibukiro vy’amagorwa - inyigisho -Ndemeye
|
Lk 22,41 Yoh 17, 1 Mk 15,39
|
6. Kuwa gatatu 15/5/2013 |
Pentekoti ya mbere: Mutima Mweranda mu muryango w’abakristu ba mbere.
|
-Umuhango Yezu yahaye abatumwa w’ukubarungikira M.M - inyifato bagize mu kuwurindira - ukuza kwa Mutima Mweranda -ivyamwa vy’uko kuronka Mutima Mweranda |
- Igisabisho c’ukuninahaza Imana - inyigisho - Ndemeye
|
Lk 24,49 Ibik.2,2-13 Ibik 2,37-41)
|
7. Kuwa kane 16/5/2013 |
Ibikorwa vy’abatumwa muri iki gihe |
Ivyamwa vya Mutima Mweranda muri Ekleziya y’ubu, aha mu maparuwase yacu. |
- Igisabisho kigufi - Inyigisho - Aho bishoboka gusabikanya ku mibano rukristu canke mu mirwi ivyamwa vya M.M |
Yoh 15,1-17 |
8. Kuwa gatanu 17/5/2013 |
Gushengerera Yezu m’Ukaristiya, guhimbaza isakramentu ry’ikigongwe c’Imana |
Kuzirikana uruhara rwanje mu gutuma Ekleziya yama ivyamwa bihoraho |
|
|
9. Kuwa gatandatu 18/5/2013 |
Inkuka y’imisa yo gusozera |
|
|
Ibisomwa vy’uyo musi |
[1]Iyi ni impfunyapfunyo. Abateguye iki gisabisho bagiteguye ku buryo buramvuye ku mpapuro. Abazorongora iki gisabisho, bazoronka izo mpapuro bokwisunga mu gushikiriza inyigisho mu biro bijejwe ubutumwa bw’abakristu balayike muri diyoseze (CDAL) canke kwa Patiri Mukuru wa paruwase.