Overblog
Editer l'article Suivre ce blog Administration + Créer mon blog
8 mai 2013 3 08 /05 /mai /2013 21:58

IGISABISHO C’IMISI ICENDA CO KWITEGURIRA PENTEKOTI Y’2013[1] :

A.    Ijambo ngenderwako :   MUTIMA MWERANDA NIWE ADUHA KUMENYA IMANA N’UGUKURA MU KWEMERA (Ep. 1, 17. 3,16-19; Yoh 16,12-13)

-          Ugutumira aba Kristu  ngo baje hamwe nk’umuryango, basaba kandi barindirira hamwe Mutima Mweranda

-          Ivyokorwa ku musi ku musi : Igisabisho comara isaha n’igice (1h30min) ku musi umwe umwe. Imisi yose hakavugwa igisabisho c’ukugaragaza ukwemera kwacu  (NDEMEYE : imwe yatosorwa neza n’Inama y’Abebiskopi gatolika b’i Burundi)

  UMUSI

IJAMBO RY’UMUTWE

            IVYIYUMVIRO SHIMIKIRO

         IBIGIRWA

IJAMBO

RY’IMANA

1. Kuwa    gatanu

  10/5/2013

 Mutima Mweranda mw’Iburwa ry’isamwa rya Yezu

 

-          Mariya asama inda ku bubasha bwa Mutima Mweranda

-          Elizabeti yuzuwe na Mutima Mweranda amenya

umugambi w’Imana kuri Bikira Mariya

-          Umutima wanje uraninahaza Imana

- intangamarara y’igisabisho cose (Ak : Ic’ukuninahaza Imana)

- inyigisho

- igisabisho rusangi :n’abatagiteguye baravuga

- Ndemeye

 Lk 1, 26-56

2. Kuwa gatandatu

  11/5/2013

 Mutima Mweranda mw’ibatisimu

-          Uwo uzobona Mutima Mweranda yururukiyeko akamuhagararako niwe

-          Uwudasubiriye kuvuka ntiyobona ubwami bw’Imana

-          Ibatisimu y’abakristu mu mazi no muri M. Mweranda

-Igisabisho c’intangamarara

-Indirimbo:ibatisimu nahawe yangeze mu bibondo

- inyigisho

- Ndemeye

Mt 3, 13-17,

Mk 1, 9-11,

Lk 3, 21-22,

Yoh 3,1-21

Rom 6,3

3. Kuw’Imana

 12/5/2013

Mutima mweranda ahishurira abantu amabanga y’Imana

-  Uri Kristu Umwana w’Imana Nzima...urahiriwe kuko ivyo         siwe uvyibwiye

- Uri Petero, no kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje

- Igisabisho

- inyigisho

- Ndemeye

Mt 16,13-20,

Yoh 14, 16-17

 

4.Kuwa mbere

 13/5/2013

Mutima Mweranda arasubiza ubuzima: bidusaba ukwemera.     

- Mutima w’Imana ari kuri jewe

- Niwemera uraza kubona ubuninahazwa bw’Imana

- Ibimenyetso kugira ngo bamenye ko Umwana w’umuntu ari     n’ububasha

-Unyemera inzuzi z’amazi abeshaho zizotemba ziva mu nda yiwe

- Igisabisho

- gusoma ijambo ry’Imana

- inyigisho

- Ndemeye

 

Yoh 11, 17-4

Lk 4, 18-22

Lk 8,48

5. Kuwa kabiri

14/5/2013

 

 Mu rupfu n’izuka vya Yezu, Mutima Mweranda aratamanzura umugambi w’Imana w’ugukiza abantu

-          Mutima Mweranda niwe aha abantu guhimbarwa n’ukurangura ishaka ry’Imana: ntibibe nk’uko nshaka nibibe nk’uko wewe ubishaka

-          Dawe ninahaza umwana wawe umwana wawe nawe abone kukuninahaza.

-          Igikorwa Imana ishima ni uko mwokwemera uwo yatumye.

- ishapule y’ivyibukiro vy’amagorwa

- inyigisho

-Ndemeye

 

Lk 22,41

Yoh 17, 1

Mk 15,39  

 

 

6. Kuwa gatatu

 15/5/2013

 Pentekoti ya mbere:  Mutima Mweranda mu muryango w’abakristu ba mbere.

 

-Umuhango Yezu yahaye abatumwa w’ukubarungikira M.M

- inyifato bagize mu kuwurindira

- ukuza kwa Mutima Mweranda

-ivyamwa vy’uko kuronka Mutima Mweranda

- Igisabisho c’ukuninahaza Imana

- inyigisho

- Ndemeye

 

Lk 24,49

Ibik.2,2-13

Ibik 2,37-41)

 

7. Kuwa kane

 16/5/2013

 Ibikorwa vy’abatumwa muri iki gihe 

 

 

 

Ivyamwa vya Mutima Mweranda muri Ekleziya y’ubu, aha mu maparuwase yacu.

-          Igisabisho kigufi

-          Inyigisho

-          Aho bishoboka gusabikanya ku mibano rukristu canke mu mirwi ivyamwa vya M.M

 Yoh 15,1-17

8. Kuwa gatanu

 17/5/2013

Gushengerera Yezu m’Ukaristiya, guhimbaza isakramentu ry’ikigongwe c’Imana

 

 

Kuzirikana uruhara rwanje mu gutuma Ekleziya yama ivyamwa bihoraho

 

 

9. Kuwa gatandatu

 18/5/2013

Inkuka y’imisa yo gusozera

 

 

Ibisomwa

vy’uyo musi

 



[1]Iyi ni impfunyapfunyo. Abateguye iki gisabisho bagiteguye ku buryo buramvuye ku mpapuro. Abazorongora iki gisabisho, bazoronka izo mpapuro bokwisunga mu gushikiriza inyigisho mu biro bijejwe ubutumwa bw’abakristu balayike muri diyoseze (CDAL) canke kwa Patiri Mukuru wa paruwase.

Partager cet article
Repost0

commentaires